Gad Brighton a.k.a T.Boy : Tanganyika Boy

IMG-20170623-WA0017

Umuntu wese kw’isi afise ikibanza avukiramwo. Umuryango wo kwinjira kw’isi ni umwe kuri twese.Hari benshi bihakana ibibanza bavukiyemwo bakiyitirira ibindi bibanza biri mubisagara.

Uwo wese yihakana aho yavukiye ni nk’uwihakana umuvyeyi. Abakurambere barayamaze ngo « Ntawanka kwonka nyina ngo agwaye amahere. »

Navukiye mukarere kari hampande y’ikiyaga kidasanzwe rurangiranwa kw’isi kukanovera k’ifi zihakomoka.

Benshi bamenyereye ubwoko bw’ifi nk’indagara, imikeke, inyamunyamu kuko arizo zirwiriye kumasoko. Yamara si izo gusa ziri muri ico kiyaga kuko hari inguhe, injombo, ingohongoho, inyika, imineke, ingege, ibiroroge, umugara, isangala, ikambari, isinga, imisisa, amarumpu, inkungura eka n’izindi nyinshi ntarinze kudondagura. Ukaba utarafungura izo fi menya ko igufa ry’umukeke utorihekenya.

 

 

Laisser un commentaire